18/10/2026
Amakuru yimyigaragamvyo yubuzima buzimvye twigeze kubabwira haraciye amezi ko igiye gutangura mu bihugu vya Burayi ubu ntikiri ibihuha gusa kuko inyuma yubufaransa, haravugwa ibindi bihugu nkubudagi, ubutaliyano ,ububiligi, ...
Vyose intandaro nkuko mwabimenye ikaba ingwano ya Ukraine hamwe na Irani vyanse gutorerwa umuti biciye munzira yibiganiro hamwe nibihano kuri gaz nibitoro bituruka murivyo bihugu aho abarengero bashima kigura ibitoro bizimvye hakugura ibituruka muburusiya na Irani kubera ibihano ivyo bihugu vyafatiwe, ivyo rero bikaba vyatumye inganda nyinshi kwisonga mubudagi zugara kuko zitakironka ivyankenerwa kandi buzimbutse.
Womenya ko imyigaragamvyo irimwo agashavu kadasanzwe ikibandanya mUbufaransa itangujwe nabanyeshure aho hamaze kwononekara ibitari bike, ntawuziko imigambwe iri kubutegetsi mu matora yimirije harico izohanoba.
Womenya ko Trump amaze kubona ibintu bifashe iyindi sura yaciye yihutira gukura ibihano vyahora kubitoro vyUburusiya kugira ngo bashobore kubigura kuko ubundi vyari bibujijwe kuva ingwano ya Ukraine itanguye, muri politike nta mwansi ahoraho vyose biterwa ninyungu