14/05/2026
Ahari murugendo mUbushinwa guhura na mugenziwe Xi Jinping baraganiriye ahanini kungwano ya Irani aho Trump yipfuza ko Ubushinwa bwogira ico bufashije mumugambi wamahoro na Irani wabuze umuti.
🇨🇳🇮🇷IRA𝐍I
Yararekuriye uruhusha ubwato 10 bwubushinwa gucisha ibitoro mumuhora wa Hormuz mu minsi 2 ishize.
🇺🇸🇮🇷AMER𝐈KA
Iri guhura nugukehanirwa kwinoti bivuye ku ngwano ya Ukraine hamwe niya Irani, ninayo mpamvu twokwitega ingwano ya China na Taiwan kuko bizoba bisa nkaho Taiwan yari yizeye ubufasha bwa Amerika izoba isa nkaho iriko yigwanako yonyene kuburyo kwihagararako bizoba bitoroshe na gato igihe ca vuba izoba yambikanye nUbushinwa bubandanije kwiga imirwanire ya Amerika intambwe kuyindi mungwano ya Irani
🚨🇮🇷🇮🇱🇵🇰IRANI
Yarakoresheje umukenyuro wo kwimura indege ikazinyegeza muri Pakistani harimwo indege zingwano nizunguruza abakiriya.
🇷🇺 UBURUSIYA
Abahinga baremeza ko missile imwe ya Sarmat yUburusiya imwe gusa itwara imitwe 10 ya kirimbuzi ishobora kwubika igihugu cose nkUbufaransa canke Ubwongereza.
🇬🇧🇺🇲🇮🇷UBWONGEREZA
Buriteguye kurungika amato,indege na drone kugira vyuguruze umuhora wa Hormuz.
Bafise ivyuma vyikoresha bishoboye gutegura mine zitezwe muruyo muhora .
Vyashikirijwe na Minisitire wukwivuna umwansi
🇮🇷 IRANI
Irategura guhingura za kirimbuzi igihe Amerika yosubira kubagabako igitero.
Vyashikirijwe Ebrahim Rezaei umuvugizi winama nshingamategeko.
Mu bisanzwe uranium ya gisivire isanzwe ikoreshwa iba yambiwe kugera kubice 3-5% mu gihe izikoreshwa muri Kirimbuzi ziba zigeza kuri 90%, ivyo vyose Irani ikaba ibifitiye ubumenyi n’ubushobozi.
🇺🇸🇰🇵🇮🇱 KOREYA YA RUGURU
Bubaye ubwa 1 irusha Amerika, Irani canke Israheli muguhingura ibirwanisho nimodokari vya gisirikare vyinshi mu mwaka umwe.
Koreya ya Ruguru, Irani, Turukiya na Irani bikaba arivyo bihugu biri hafi cane gose ya Amerika murivyo biharuro.
Mu makuru yibanga Amerika dushobora kuvyuka twumva yivuganye uwundi mutegetsi akomeye wa Irani, umugambi wamaze gupangwa kera hasigaye ifirimbi yanyuma gusa kugira bikorwe.
Elon Musk murugendo rumwe na Trump mUbushinwa yashoboye guhura numushinwa basa neza neza kuburyo vyogorana gutandukanya utabakurikiranye neza.
Kuva ejo haramakuru yasanzaye avuga kucatumye Macron wubufaransa akubitwa ikofe igihe yari yururutse indege ageze kukibugacindege muri Vietnam numugore Brigitte wiwe aho hamenyekanye ko mukiwe yoba yarafashe ubutumwa bugufi Macron yagiranye numukinyi wa cinema wicamamare Golshifteh Farahani aturuka muri Irani.
Ivyo bimezukwo mu gihe Macron afise ilyaka 48 umugore nawe 73.